Overblog
Editer l'article Suivre ce blog Administration + Créer mon blog
LA TRIBUNE FRANCO-RWANDAISE (TFR)

Actualités, opinions, études, analyses, diplomatie et géopolitique de la Région des Grands lacs.

Balladur ngo Ubufaransa nta ruhara bwagize muri Jenoside mu Rwanda

Edouard Balladur yahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Ubufaransa, igihe haba Jenoside mu Rwanda.

Edouard Balladur yahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Ubufaransa, igihe haba Jenoside mu Rwanda.

Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w’Ubufaransa, Edouard Balladur avuga ko Ubufaransa atacotuma busaba imbabazi kuri Jenoside yabaye mu Rwanda mu 1994.

Mu kiganiro yahaye ibimenyeshamakuru vyo mu Bufaransa, France 24 na RFI kuri uyu wa gatatu, uwo yahoze ari umushikiranganji wa mbere mu gihe iryo bara ryagwa, yavuze ko atemeranya n’ibiri muri raporo y’umugwi w’abahinga kuvya kahise, ku ruhara rw’Ubufaransa muri Jenoside yabaye mu Rwanda. Iyo raporo ivuga ko Ubufaransa hari ivyo butungwako urutoke biremereye.

Balladur ntiyemera ko Ubufaransa hari uruhara rwabigizemwo, mu gihe ata gihugu na kimwe, ndetse n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, cagize ico gikora kugira ubwo bwicanyi buhagarikwe.

Balladur aremera ko hari ingingo zibereye zari gufatwa ariko avuga ko ataco yicuza.

Uwo yahoze ari umutegetsi muri reta y’Ubufaransa yemeza ko atazi vy’ukuri uwarashe indege yarimwo perezida w’u Rwanda w’ico gihe, Juvenal Habyarimana, yongerako ko iyo ari yo yabaye imbarutso ya Jenoside. Yavuze ko yakoze uko ashoboye kugira Ubufaransa ntibwagirizwe ko buri mu bikorwa vya gikoloni mu kurungika abasirikare babwo mu Rwanda.

Edouard Balladur arahakana kandi ko Ubufaransa bwananiwe guhagarika abategetsi ba reta y’u Rwanda bagirizwa jenoside, bahungiye mu gace kagenzurwa n’abasirikare b’Abafaransa. Yavuze ko Ubufaransa ata tegeko bwari bwahawe ryo kubahagarika.

Article précédent Article suivant
Retour à l'accueil
Partager cet article
Repost0
Pour être informé des derniers articles, inscrivez vous :
Commenter cet article