Overblog
Editer l'article Suivre ce blog Administration + Créer mon blog

Archives

Publié par La Tribune Franco-Rwandaise

Ubufransa bwemeye kwakira bamwe mu bimukira bavuye muri Libya bari mu Rwanda

BBC News

Ishami rya Onu rijejwe impunzu kw'isi HCR riri mu Rwanda rimenyesha ko Ubufransa bwemeye kwakira abimukira 200 bari mw'ikambi y'agateganyo yo mu Rwanda bavuye mu gihugu ca Libya.

Elise Villechalane ajejwe kumenyesha amakuru muri ico kigo mu gihugu c'u Rwanda yabwiye BBC Gahuzamiryango ko abo bantu basinzikarijwe ubuzima mu bihugu vy'amavuko arivyo Sudani y'epfo, Sudani, Somalia, Eritrea na Ethiopia.

Abo, nk'uko abivuga, ngo bakeneye kwubahirizwa umutekano ku rwego mpuzamahanga hisunzwe amategeko agenga impunzi kw'isi.

Ibihugu vya Niger n'u Rwanda vyemeye kwakira abimukira bava muri Libya aho ngo bifasha urwego rwa ONU rujejwe impunzi kw'isi kwitegura mu kumenya ivyo umwimukira wese akeneye.

Ivyo bibanza bibakira vy'imfatakibanza, avuga ko bifasha kumenya inyishu irama yotangwa ku mwimukira umwe wese, harimwo no kurondera ibindi bihugu bibakira.

Hagati aho ikigo kijejwe impunzi mu Rwanda kivuga ko cizeye ko n'ibindi bihugu bizoshobora kwitaba akamo ko kwakira abimukira bava muri Libya, aho abarenga 3000 bafungiwe mu bihugu biberamwo ingwano gushika ubu.

Abimukira bemerewe kwakira ni bangahe?

Ubufransa bukurikiye igihugu ca Norvege cemeye kwakira abimukira 300 bavuye muri Libya, bacumbikiwe mu makambi y'impunzi i Bugezera mu Rwanda

Ubusuwede bwemeye gutwara 150 kandi 7 muri abo baza barashitse muri ico gihugu co ku mugabane wa Bulaya.

Gushika ubu ikigo kijejwe impunzi mu Rwanda kimenyesha ko uyu mwaka ushobora guhera hamaze kugenda mu bindi bihugu bizokwemera ku bakira, abashika 1000.

Pour être informé des derniers articles, inscrivez vous :

Commenter cet article