Overblog
Editer l'article Suivre ce blog Administration + Créer mon blog

Archives

Publié par La Tribune Franco-Rwandaise

BURUNDI/MISS KAYANZA: Neilla Mutoniwimana niwe yatsinze, imbonekarimwe ku Batwa mu Burundi.
BURUNDI/MISS KAYANZA: Neilla Mutoniwimana niwe yatsinze, imbonekarimwe ku Batwa mu Burundi.

Uwufise ububasha kw’isanamuFEMIDEJABAT

 yatanguye mu 20

"Ni iteka rinini kuri jewe nk'umukobwa w'umutwakazi kubona narashoboye gutsinda ihiganwa rya Miss Kayanza, ibitari bimenyerewe mu gihugu ko ubwoko bw'abatwa buja mu mahiganwa nk'ayo".

Uyo ni Neilla Mutoniwimana, umwigeme w'umutwakazi yatsindiye ihiganwa rya Miss Kayanza, aho avuga ko yiteguriye no kuja mu yandi mahiganwa ku rwego rw'igihugu.

Miss Kayanza ni ihiganwa rihuza abigeme bo mu ntara ya Kayanza ryatanguye kuva mu mwaka wa 2012 rikaba ritegurwa n'umurwi Umuco w'aba SCOUT.

Yatowe mu bandi umunani bari muri iryo higanwa rigize icenda ryabaye ku wa 01 /01/2020, inyuma y'amezi atatu yose bari bamaze bitegura.

Kubwo ishirahamwe ryateguye uyo mwigeme, intsinzi ya Neilla Mutoniwimana, ni amateka adasanzwe muri kahise k' u Burundi.

Neilla Mutoniwimana ni umutwakazi yiga mu mwaka wa 12 kw'ishure ryisumbuye rya Muhanga avuka ku mutumba wa Gashibuka, ya zone na komine Muhanga mu ntara ya Kayanza.

Avugana na BBC, umwigeme Mutoniwimana ahanura abandi bigeme b'abatwakazi kureka kwikumira bakaja hamwe n'abandi, maze bashobore kugira uruhara mu kintu ico ari co cose giteguwe mu Burundi.

Kubw'iwe, iyo wikumiriye, n'abandi baragukumira.

Ati: "Narerekanye neza ko na twebwe dushoboye mu bintu vyose. Jewe sinikumira, iyaba narikumiriye sinari gushobora kuja muri iri higanwa. Nagize umwete kugira ngo nshobore kuvyifatamwo neza".

Miss Kayanza yatanguye mu 2012

Uwufise ububasha kw’isanamuFEMIDEJABAT

Ku bateguye ihiganwa, uyo mwigeme yerekanye ubukerebutsi budasanzwe.

Gilbert Biziyaremye arongoye umuhari wa SCOUT mu ntara ya Kayanza ariwo wateguye iryo higanwa avuga ko vyabanezereje kuko bwari ubwa mbere babonye umwigeme w'umutwakazi asumbije abahutukazi n'abatutsikazi bari basanzwe batsindira iryo higanwa.

Ati: "Mu gihe turiko turabategura twabona umengo ntavyo azoshobora, vyabonetse ko yari yibitse, maze ibintu bikomeye cane aca avyerekanira imbere y'abarorerezi".

"Nivyo ko hahora hatsinda abahutukazi n'abatutsikazi gusa, ariko abibaza ko twoba twashize imbere ivyo ubwoko kugira ngo nabo baserukirwe sivyo na gato, yarabasumbije".

Umwimbu wa FEMIDEJABAT ?

Neilla Mutoniwimana yateguwe n'ishirahamwe Fondation FEMIDEJABAT risanzwe ririko rirategura ihiganwa MISS INAKARANGA rizohuza abigeme b'abatwakazi mu gihugu cose.

Nk'uko bivugwa na Isaac Bakanibona, umunyamabanga nshingwabikorwa wa FEMIDEJABAT akaba kandi ariwe ahagarariye MISS INAKARANGA, iryo higanwa rifise intumbero yo guhimiriza abigeme b'abatwa no kubategura kugira ngo bazoshobore kwitabira ihiganwa rya MISS BURUNDI.

Bwana Bakanibona yabwiye BBC ko ari ibintu bihimbaye kubona umwana bateguye ashoboye guhiganwa n'abandi mbere akanabatsinda.

Ati: " Twaramuhimirije twongera turamurungika kuja guhiganwa n'abandi bigeme bo mu Kayanza, arashikiriza imigambi y'imbonekarimwe yatangaje abari aho bose ku buryo yabonetse ko ari intwari n'incabwenge idasanzwe".

Neilla Mutoniwimana "yatangaje benshi mu kwerekana ubukerebutsi n'ubwenge budasanzwe",Gilbert Biziyaremye

Image caption

Neilla Mutoniwimana "yatangaje benshi mu kwerekana ubukerebutsi n'ubwenge budasanzwe",Gilbert Biziyaremye

 

Uwufise ububasha kw’isanamuFEMIDEJABAT

Ahimiriza Abarundi n'amakungu ko boshigikira abigeme b'abatwakazi, eka n'abandi bigeme bose baboneka ko basigaye inyuma mu mateka kugira ngo nabo bashobore gufashwa, maze batere intambwe bashike ku rugero abandi bariko.

Ati: "Kuko birerekana neza ko ata muntu n'umwe, iyo ashigikiye canke afashwe mu mugongo, atoshobora ikintu ico ari co cose".

Mutoniwimana yarushije abariko bahiganwa nawe mu migambi yashikirije yo guteza imbere abigeme b'abatwakazi hamwe n'abandi bigeme muri rusangi, mu kubahimiriza kuja hamwe n'abandi, bakaja mu mashure bakirinda imbanyi z'ishushu zituma abigeme bamwe batabandanya amashure.

Bwana Bakanibona avuga ko muri rusangi abigeme b'abatwa bakwije ibisabwa vyose muri ayo mahiganwa ahuza abigeme, ariko ko igikenewe ari ukubafata mu mugongo.

Ati: "Twebwe nta bwoba dufise, no mw'ihiganwa rya MISS BURUNDI, ni ryategurwa neza, turizeye neza ko abo bana bacu tubandanya dutegura bazovyifatamwo neza bagatahana ikibanza ciza".

Neilla Mutoniwimana "yatangaje benshi mu kwerekana

Uwufise ububasha kw’isanamuFEMIDEJABAT

Mu Burundi, Abarundi bo mu bwoko bw'Abatwa ni inkehwa zari zaribagiwe mu buzima bw'igihugu kuva imyaka itari mike, bamye bikumira, aho wasanga no mu kugabangana ubutegetsi bataharurwamwo.

Hagati aho, amasezerano y'amahoro yateweko igikumu mu mwaka wa 2000 agatuma intambara yari yari yadutse hagati y'Abahutu n'Abatutsi mu 1993 igaharara, yarategekanijwe ibibanza vy'Abatwa mu bisata bitandukanye bigize ubuzima bw'igihugu.

Haranatangujwe mbere n'amashirahamwe afise intumbero yo guhimiriza Abatwa kugira ngo bikangure baje hamwe n'abandi.

Hagati aho, n'aho bamwe bariko barajijuka, haracibonekeza abatari bake bikumira, bakabona ko bobo atari nk'abandi barundi bagenzi babo b'Abahutu n'Abatutsi.

 

 

 

Pour être informé des derniers articles, inscrivez vous :
Commenter cet article