Overblog
Editer l'article Suivre ce blog Administration + Créer mon blog

Archives

Publié par La Tribune Franco-Rwandaise

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi ryitwa, Refugees International ritangaza ko ritewe amakenga kw’ubuhingiro buhabwa abasivile bakeneye kugarukirwa, buriko burageramirwa.
 
Frederic Nkundikije

Iryo shirahamwe rivuga kw’ impunzi z’abarundi zivuga ko ziriko zirinjizwa mu murwi witwaje ibigwanisho, zikinjizwa n’imirwi y’abarundi hamwe n’abanyarwanda.

Ibintu bavuga ko bikorerwa mur’ayo makampi y’impunzi, birartyoza amategeko mpuzamakungu kandi bishobora kudurumbanya umutekano m ntara.

Iryo shirahamwe rivuga ko kubera ico kibazo cihutirwa, abantu bose bafise uruhara mu ntureka iri mu Burundi, reta y’Urwanda hamwe n’amakungu bitegerezwa vyose kwiyamiriza no guhakana vyivuye inyuma, iyo nyifato yo kwinjiza impunzi mu mirwi yitwaje ibigwanisho:

Impande zose zegwa n’ikibazo c’indyane ziri mu Burundi, zisabwa kwubahiriza kandi zigakora ibishobotse vyose kugira ngo abasivile hamwe n’impunzi, bakingirwe, ntibinjizwe mu gisigikare.

Ivyashikirijwe mur’iyo raport nivyo twayazeko n’abashingantahe, Liberat Bashirakandi, ari mu gihugu c’Ububirigi, Emmanuel Bamenyekane ari I Bujumbura mu Burundi hamwe na Jean Marie Vianey Ndagijimana, ari mu Bufaransa:

Liberat Ntibashirakandi aratangura avuga ukuntu yakiriye io raport:

Raport ivuga kw'impunzi z'abarundi ziri mu Rwanda, zinjizwa mu mirwi y'abagwanyi
 
Pour être informé des derniers articles, inscrivez vous :
Commenter cet article